Abo rero basangiye ihamagarwa, Imana yagize abana b’uwo Muvyeyi, babwirizwa kwigenza nk’abafashanya na basamuragwa b’iyo ngabirano baronse, kugira ngo vyose kubera bo bigire inkomoko mu rukundo rw’umushaha wa Yezu, vyose bironke akaranga ka Mutima n’ivyiyumviro vyiwe, vyose bihindukire kandi biroreshwe mu kuninahazwa kwiwe.
Kugira ngw’ivyo biranguke babwirizwa kwama biyumvira iminsi yose bakoresheje bwa buryo Mama Ignazia yatanguje umuryango wabo yabeshejweho n’ingabirano yiwe, mu kwemera kw’ubutwari kwamufashije kumenya gusonera ivyasabwa bidasa n’akaranga gatandukanya, ivyo, n’akaranga mutima kiwe.
Abo Babikira ni bande
– Ni abapfasoni bihebeye Urukundo rumwe;
– Bahamagariwe kuba beranda;
– Bahamagariwe gutanga ubuzima bwabo kugira ngw’isi yose yemere urukundo rwa Kristu, kandi, iyo si yahinduwe n’urwo rukundo, yubake Ubwami bwiwe.
«Yaramanitswe ku Musalaba, mu rukundo rwiwe rutagira imbibe yaratanze ubuzima bwiwe ku bwacu, kandi mu ruguma rw’urubavu rwiwe yarasheshe amaraso n’amazi,…kugira ngw’abantu bose, bakwegewe mu Mushaha w’Umukiza, bavome n’akanyamuneza kw isoko ryamaho ry’urukiza» (Préf. S. Coeur).
Bipfuza iki
Bashaka kuba abapfasoni basenga kandi bihereza kw’inkuka kumwe na Kristu kugira ngo batange iciru c’inkurikizi z’igicumuro bagerageza kugira ivyiyumviro nk’ivy’Umushaha wa Yezu kugira ngo biyambike ukwicisha bugufi kwiwe, ubwitonzi bwiwe, ubuntu bwiwe, imbabazi ziwe, urukundo rwiwe n’ubugamburutsi bwiwe, gushika ku rupfu kandi urupfu rwo ku musalaba.
«Kubera ubumwe bwacu dutangire ibitameze neza bitandukanya abantu n’abandi».
Babaho bate
– Bakwirikira ata gusubiza amaso inyuma Kristu We atamenye ivy’ukwabirana, umworo kandi agamburuka.
– Mu mubano hagati yabo, basangira ivyiyumviro n’ingingo.
– Bihebera ibikorwa vy’ubutumwa Ekleziya ibashinga, gurtyo bagafasha bimwe biboneka mur’ubwo butumwa bwayo bwo gukiza abantu.
Aho bakorera
– Mu mashule no mu manama afashanya n’amashule mu ndero no mu nyigisho ru-Kristu y’abana n’urwaruka rw’imiyabaga.
– Mu bitalo no mu mazu y’abatama kugira ngo bavure abarwaye, abageze mu zabukuru n’ukugira baborohereze mu buzima bwabo.
– Mu maparuwase, barigisha ikatekisimu bakongera bagafasha no mu masaba – Mana ya Ekleziya.
– Mu ntara za misiyoni barafasha mu gushikiriza abantu bose ubutumwa bw’ubukiriro bw’Ekleziya.
Ubutumwa bwo kurera n’ibikorwa mw’iparuwase
Abemeye ingabirano ya Mama Ignazia turafasha: abana, imiyabaga, urwaruka, mu kubarera no mu kubamenyereza imigenzo myiza ya gi-Kristu.
Mu barwaye no mu bageze mu zabukuru
«Mu gukorera urukundo rw’Imana n’abagenzi dukwirikira ihangiro ryo gufasha umuntu arwaye kurondera Imana buno nyene n’Inema yiwe” (Amategeko y’Umuryango, 90).
«Turi iruhande y’abatama n’abatamakazi mu ndwara zabo ngo tubafashe kwama bizeye ikigongwe c’Imana kandi tubategurane ubwenge kuzokwitaba Imana» (Amategeko y’Umuryango, 97).
Abakora ata mpembo mu bakene ba cane
Turafasha aho hose hari ubukene bwinshi kuko twibuka ivyo Uwatanguje Umuryango aduhamagarira:
«Umuryango wacu dukunda cane uzotegerezwa kugira ivyiza vyinshi mu bikorwa vyawo bitandukanye…» (Amategeko y’Umuryango, 76).
Mu ntara za misiyoni
«Iminsi yose tuzokwama twiteze igaragazwa ry’ishaka ry’Imana, tuzokwakirana akanyamuneza impanuro tuzoshikirizwa zo gukora igikorwa cacu c’ubutumwa mu ntara za misiyoni» (Amategeko y’Umuryango, 98).
«Tuzoshimangira mu buryo bwose akaranga-mutima k’ubutumwa kandi tuyage neza, ubudahengeshanya, akigoro Ekleziya igira ko gushikiriza abantu bose Inkuru nziza y’ubukiriro» (Amategeko y’Umuryango, 98).