Mu biranga Umushaha Mweranda wa Yezu, Uwatanguje umuryango w’ababikira b’Umushaha Mweranda wa Yezu, uwamushitse ku nyota ni uwo bamukako kandi yabanywanishije mu kubagira umwe, uwo na we nta kindi kimwerekana neza atari Umushaha Mweranda wa Yezu, ishusho ry’urukundo rutagira imbibe rw’Umwana w’Imana yakunze Imana Dawe wa twese akongera akitanga mu gupfira abantu.
Ubwa mbere, ingabirano ya mama Ignazia kw’ari ukwiyumvamwo hanyuma akiyemeza bimwe bivuye ku mutima, ko niba Imana yamuhamagaye kuva akiri muto, niba yamye imuja imbere kugira ngw’ayihebere wese kandi ubutacisubirako, niba yamuhamagaye ngw’ atanguze Umuryango mushasha w’ Abihebeye Imana, ivyo vyose, Imana yabishatse kugira ngo, kubw’uwo Muryango, bamenyeshe ivyiza vyinshi nta ngere vy’umuco, vy’ikigongwe, vy’ubweranda n’ubuzima vyuzuye gushika no ku musesekara, vy’ Umushaha wa Yezu.