Mama Ignazia, yigishijwe na Mutima Mweranda kandi yahamagariwe, gufasha abantu bo mu gihe ciwe ngo bakire ibinyegezwa biri mu Mushaha w’Imana kandi bamenye kubitohoza vuba na vuba, yongere kandi ahereze Umushaha w’Imana ibimunezereza n’ivyo yizigira, atibagiye no kwitanga atiziganya yishimikije ubukomezi n’ubuto bwiwe, mu gukora no mu kwitanga wese ngw’afashe umugenzi guhura n’urukundo rwa Kristu.
Igihe yihebera Imana, mu gutora izina rya Inyasiya, yashatse kwerekana ihangiro ry’akaranga-mutima kw’ubuzima bwiwe n’umwete wo gufasha ngw’Imana ininahazwe: akarorero kiwe yabaye Kristu, we, kubera urukundo yakunze Imana Dawe wa twese n’abacumuzi yarigize ubusa yongera apfira ku musalaba.
Iryo zina rya Ignazia, mu kilatini, rivuye mw’ijambo «Umuriro» Yezu yaravuze ati: «Naje kuzana umuriro kw’isi, eshe ingene nifuza ko wokwaka ubu bwa vuba».
Mama Ignazia, afashijwe na Mama Margherita, ayobowe na Mutima Mweranda, yarumvise ubukene bushasha butahora muri Ekleziya kandi abantu batari bafise, muri ico gihe, ni kwo kwiyumvira kubafashanya ubwenge bwinshi n’ubuhinga bushasha, eka aritanga ukw’ari.
Ntiyatinye guheba ivyamuremesha mu buzima bwiwe, ni ho rero ata kariganga-muhogo n’ukwishira akizana, mu nyishu yahaye Kristu, ntiyakekereje mu kuvavanura n’amabanga ahambaye yarajejwe mu Muryango «w’Ababikira ba Yeronimo», kugira ngw’atange umuganda wiwe, maze umuriro w’urukundo yahawe n’Umushaha wa Yezu mu kuzirikana kwiwe kwamara igihe kirekire yatamariwe, yashatse gukwiragiza uwo muriro w’urukundo.
Yariyumvamwo, iri bwirizwa ryo guheba vyose kugira ngo yigumanire na Kristu yongere aronke n’uburyo bwo gufasha ba ntahonikora, yigishe kandi avure.
Ni ho yuguruza ubwa mbere i Gazzuolo, hanyuma i Seriate, amashule yo gukora no kwiga mu minsi y’akaruhuko, ngw’afashe abapfasoni bakora mu mahinguriro canke abikorera utwabo mu mihana iwabo, abo rero, muri ico gihe, bari bafise amashule abayabaye canke mbere ntibari bazi kwandika no gusoma.
Yaratewe imbabazi n’ububabare bw’abantu bageze mu zabukuru n’abarwaye yahora aremesha kandi akabafashiriza i muhira Kugira ngo bashobore gufasha neza ubuninahazwa bw’Imana, yaringinze, ahanura ababikira, ngo bamane akanyamuneza, ata gukekereza bivuye inyuma bihebe bo nyene bavavanure n’ivyo vyose bimota urunturuntu.
Mw’ikete ryo ku wa 6 Gitugutu 1922, Yanditse ibi: «Hakenewe abakozi b’ubweranda babangutse, buzuwe na Mutima w’Umukama, abakozi bakora ku bw’ijuru no ku bw’Imana yo nsa».