Iruhande y’ukwumva ubukene bwiwe n’ukuba ntahonikora kwiwe, dusanga kandi ku rugero rumwe muri Mama Ignazia, umutima wo kwumva yizigiye Imana cane.
Iyo ngeso nziza yo kwizigira Imana, ni ryo hwaniro ry’ukwemera kutayegayega kwiwe, ukwizigira kudahugumbwa kwiwe n’urukundo rw’igisharara rwiwe, ni vyo vyamuremesheje mu ngorane zamushikiye we nyene ubwiwe kandi ntizasize inyuma n’igikorwa ciwe, hakuvunika inkokora, vyamutumye yumva riho kw’akomeye, kw’ari intwari irengeje kandi yubahuka bimwe vy’akatabonetse.