Mama Ignazia yaramenye kandi arumviriza ubwiza n’ubuntu ntangere bw’Umushaha wa Yezu aciye mw’ishule ribabaza ry’Umusalaba, ariko cane cane kubera igisabisho.
Iyo ni Yo nsiguro y’imyanya miremire yamara mu gasengero imbere y’Isakramentu Ryeranda, ijoro n’umurango.
Mu nyuma, yoba yarabwiye abigeme biwe inama yigiriye kugira ngw’atere imbere mu vy’umutima wiwe no ku neza y’Umuryango, ukwitanga atiziganya kutamukundira kwiyumanganya igihe cose yabona kw’ashobora kugira iciza «n’aho caba ari gitoya», ubwitonzi yagirira abantu bose, ububangutsi bwo kugirira ikigongwe uw’ari we wese, ubukomezi budatsindwa butari bujanye n’inyifato yiwe, no mu bihe bigoye cane, ivyo vyose vyava muri wa mwanya muremure kandi wa minsi yose utamurambira yama arasenga kandi yihweza Umushaha Mweranda wa Yezu.