Umugenzo mu yindi, Mama Ignazia yashaka kubona mu babikira b’Umuryango wiwe, yabona kw’usumba iyindi yose, bwari ubumwe, ni ukuvuga, icamwa n’ikimenyetso kigaragaza urukundo rwakwiragijwe mu mutima w’abemera na Mutima Mweranda.
Yaremera kw’aho Umukama akoranirije abiwe «akunda cane» ko habwirizwa gusasagara urukundo gusa, yaranditse mw‘ikete ryakwiragijwe ryo ku wa 30 Ntwarante 1920 ati: «Nitugire ubumwe mu rukundo runini rw’Isakramentu mu kwishura akarenganyo kagirwa ku kubura urukundo».
Mur’iyo nyigisho, umuntu arashobora kubona kw’akubitije agatima kw’isakramentu ry’Ukaristiya nk’Isakramentu rivyara ubumwe bw’abavandimwe bukomeye cane kandi mbere mu gutanga iciru aho hose, umuntu yoba atakunze Umukama uburyo buri ho bushoboka ni ugukundana.
Muri nya kete nyene ryakwiragijwe arongera ati: «Ndabashaka mwese mukongatirijwe hamwe mu muriro w’urukundo rw’Imana, mukanywana mugacika nk’icuma kimwe, n’aho mufise muri kamere kanyu ibibatandukanya».
Muri iryo ryungane, yashaka kwumvisha neza kw’urukundo rw’Imana rwo nyene, iyo rwakiranywe mu bukomezi bwarwo bwo kunyengetera no guhindura, rurashobora gukuraho ingeso mbi zo kwikunda kubi, ubudasa bwa kamere y’abantu, ukudashimishwa na bimwe, ukutiyumvira bimwe, twama tubona kw’ari vyo biranga ibiremwa vy’abantu.
Ni we nyene, uwa mbere yotanga akarorero k’ingene bishoboka kuranguka, no mu ngorane, ukunywanisha gushemeye kw’ugushaka n’imitima.
Kubera ibikorwa yarajejwe vyamutuma aba kure y’abana biwe. Yarabasanga iyo bari mu vyo yabandikira nk’aha agira ati: «Ndaza iyo muri rimwe rimwe, nzananye n’amajambo nkuye mu Mushaha Mweranda wa Yezu Mwiza, hanyuma gurtyo, n’aho muba muri kure, turashobora kuba kumwe muri Mutima n’Umuryango wacu ugashobora kuba umutima umwe n’umushaha umwe».
Yarongeye ati: «Tubwirizwa gushika aho dushobora kuvuga duti: ubusho bumwe bw’umwungere umwe, nk’umwepiskopi. Tuzobishikira, tubwirizwa kubishikako no kubera ubumwe bwacu tuzotangira ukudashira hamwe kuri mu bantu».
Dushimye ng’aha kwerakana, ukundi gusha, «inyifato» yiwe mu gihe barimwo.
Ku gutinya kw’amajambo yiwe atoba atomoye nka neza, yarerekanye neza ingene ari kumwe n’ababikira biwe bari kure: «Ndi kumwe na mwe iminsi yose, cane cane imbere y’Isakramentu Ryeranda…».
Raba ukuntu yemera ububasha buri mu gisabisho n’ububasha bw’ugukwira hose buri m’Ukaristiya!
Ese ingene yahinda agashitsi wese igihe yiyumvira ko be n’Umuryango wiwe ufatanijwe mu rukundo.
Yaranditse mu rindi kete ryakwiragijwe ibi: «Yezu azokwumva kw’ahojejwe mu kubona ubwo busho akunda bukoraniye mu mushaha wiwe, kugira ngo bubeshweho na We kandi ku bwiwe mu buninahazwa burengeje bw’Imana”.