Ntibidutangaza ko Mama Ignazia ashimikira rwose n’umwete udasanzwe kw’urukundo ari nkenerwa hanyuma yivuye inyuma akagaruka kenshi ku ciyumviro c’ubweranda.
Mu vy’ukuri, nta tandukanirizo ririho ry’urukundo n’ubweranda: urukundo ni ubweranda, nk’uko ubweranda, ubufashe ukwo buri, ni urukundo.
Igihe cose Mama Ignazia avuga ubweranda, na cane cane ubweranda ashaka ku bigeme biwe, ntatanga impanuro zidafadika wamengo ziri mu kirere, ariko yarashika aho ashaka, ntiyatinya, kuber’ivyo, gushimika kw’ijambo rimwe, akarisubiramwo kenshi.
Ashaka kw’abigeme biwe boba «nk’abakozi beranda b’umwete, buzuwe na Mutima Mweranda”.
Kandi ntibatenyenye, nibarangure vuba ico bifuza n’ico babwirizwa kuba.
«Nibatangure ubuzima bweranda», abibabwira ata gukekereza, «imyaka iragenda n’ingabirano z’Imana bikajana».
Mu kugendera vyoroshe mu nzira y’ubweranda, abahanura gukoresha «inyabubiri» yamaze kubibutsa: «ukwicisha bugufi n’ibidutetereza» kandi bamenye, kugira ntibajuragirike, kw’ico abashakako kw’ari kimwe, kimwe gusa, kubafasha kuba beranda «vyanse bikunze» kuko ubweranda, impera n’imperuka, ni ryo hamagarwa ryabo kandi ni ico co nyene cabatumye bihebera Imana.
Muri bo, nta na kimwe cobagumamwo, kibazirika ku vy’isi, cobatuma barwanya canke bahakana inyigisho yo mu Nkuru nziza. Muri bo, ntibazobasangemwo umutima wo kwikunda bo nyene, umutima wo kwironderera ibiborohera mu buzima bwabo, n’ugushaka kwiyemeza ubwabo.
Ariko, muri vyose, umutima wabo n’imigenzo yabo vyokwama vyerekana ingeso nziza yo kwicisha bugufi, y’ukwiyumanganya, y’ukwemera ishaka ry’abandi, y’ubugamburutsi mu rukundo rwa Kristu.
Mukwirinda ico hava kiduhubisha ic’ari co cose, mur’ubwo buryo bwo kwumva ukwo kwigana Kristu kudasanzwe yaranditse ibi: «Umuryango wacu dukunda cane uzobwirizwa kugira ivyiza vyinshi mu butumwa bwinshi bwawo, mugabo bana banje nkunda cane, iyo udafise umutima w’abihebeye Imana, umutima rugabo kandi ukomeye, urashobora guhendwa n’ibiryohera abantu b’iyi si».