Mu biranga Mama Ignazia vyibonekeje ni ingeso nziza yo kwicisha bugufi bishimishije, yiyumvamwo kandi atawoyineguye, akunda kwibagirwa, ukwiyumanganya kutagira ingero, ubutwari bwiwe mu ngorane no mu bubabare.
Amw‘amwe mu majambo yiwe atuje mu bwenge kandi atumenyesha umutima w‘ubuzima bwiwe, no gushika aho anyurwa n’ivyiyumviro vy’Umushaha wa Yezu.
Mur’ayo majambo twiyibutse amw’amwe, arimwo inyigisho zishemeye.
«Nimunsabire, jewe mukene w’iciza ic’ari co cose”.
«Nimwuzurwe na Mutima w’Imana ari wo mutima wo kwicisha bugufi no kwitanga kandi urwanya ubudasiba ukwikunda kubi… Dukoreshe inyabubiri yo kwicisha bugufi n’ugukunda ibidutetereza, gukunda ibidutetereza n’ukwicisha bugufi”.