Ukwiyumvamwo kwiwe ku vyababariza imbere Umushaha wa Yezu ntivyamubuza kumenya no kwitwararika ingorane Ekleziya yarimwo mu gihe ciwe.
Mbere, ni ku neza y’Ekleziya nyene, kugira ngw’ishobore kurangura neza gusumba ubutumwa bwayo, yayirwaniye gushika, ntatinye ukutumvirwa canke uruhamo vy’uwo muryango yaramaze gutanguza kandi wari ukigoyagoya.
Ni ho, kw’itariki ya 26 Rusama 1921, inyuma y’izo ngorane zateye ubwoba Umuryango wiwe, yandika ata bishobisho ati: «Akaryango nkunda gakora ibininahaza Imana ni inkingi nini yo kwizigirwa muri Ekleziya».