Mama Ignazia yabaye vy’ukuri umwe wo muri ba bigeme b’incabwenge bamana itara ryaka kandi bakaribungabungana umwete.
Nk’uko yari yatanguje Umuryango w’abihebeye Imana, yarazi neza kw’itorwa no kwiha Imana «ikundwa kuruta vyose» kw’ata handi bishimikiye atari mw’Ibatisimu.
«Ntimuzi yuko aho twaronka Ibatisimu ko twabatijwe mu rupfu rwiwe? Kubera Ibatisimu twarahambwe hamwe na we mu rupfu, kuko nka Kristu…, na twebwe, turashobora kugendera mu buzima bushasha».
Ni uko rero, muri Kristu yabambwe, ni wo mushinge w’ishingiro w’indagano z’Ibatisimu n’Indagano z’abihebeye Imana.
Ni mu kwisunga impanuro zo mu Nkuru nziza dufasha mu buryo bushemeye kandi bivuye ku mutima nyobozi ukwigira ubusa kwa Kristu mu rupfu rw’igicumuro no mu kuvukira ubuzima bushasha kubera izuka.
Akaranga k’ukwo kwigira ubusa twama dusanga mu gukurikira impanuro zo mu Nkuru nziza rero, ni ka karanga gashira Kristu mu ntimatima y’idini y’aba-Kristu no mu buzima bw’umuntu.
Ni yo mpamvu rero, umwigisha w’i Nazareti yerekana umusalaba kw’ari bwo buryo bwo gukwirikiza akarorero kiwe.
«Uwushaka kunkurikira, niyihebe we nyene, afate umusalaba wiwe yongere ankwirikire».
Mama Ignazia yarakwirikiye iyo «nyabubiri ya Pasika» y’ukwigira ubusa n’ukuzuka, yabigiranye ingoga zivuye ku mutima n’ukwemera gukomeye umugambi w’Imana mu buzima bw’umunsi uwari wo wose.
Ku mutima wiwe na ya majambo agoye dusanga mw’ibaruwa ryo ku Banya-Filipi yarumvikana: «Kubwiwe narahevye ivyo bintu vyose nsigara ndabiraba nk‘umucafu wo kw‘iyarara kugira ngo mbashe kwunguka Kristu kandi niyumve muri We».