Mutima Mweranda, yamana n’Ekleziya, yama akabura muri yo uburyo bushasha bwo kwihebera Imana kugira ngo Kristu yatumwe na Data ngw’isi ikire, amenywe neza n’abantu, bongere bamenye n’Uwo bakomokako, ababeshaho, maze rero baroreshe ubuzima bwabo kuri We.
Kubera kw’ata muntu ashobora vyose, ntawoshobora kwiyumvira kw’Umuryango umwe w’Abihebeye Imana, mu Miryango yose y’Abihebeye Imana iriho, woshobora kugaragaza ubwiza bwose ntangere bw’Imana.
Ni ivy’ukuri, ata kubikekereza, Umuryango wose w’Abihebeye Imana utangurana akaranga-mutima kawo kawutandukanya n’iyindi Miryango; Umuryango wose w’Abihebeye Imana uhamagariwe guteza imbere ubutumwa wiharije na yo intumbero yabwo ni ukumenyesha ubutore bwinshi kandi budaharurwa buranga ikinyegezwa ca Kristu.