Mu buzima bwiwe bwose, Mama Ignazia azokwemera urukundo rw’Imana kandi azomara umwanya munini imbere y’Itabernakulo kugira ngw’ahe ikibanza mu mutima wiwe urukundo ahabwa na Yezu.
Azoshima kuguma yihweza azirikana, mu bwitonzi burangwa n’urukundo, bwakira neza kandi buyoboka muri vyose hagucambagirika, ata kirya afata kiriya canke guharira.
Twaramenye twongera turemera urukundo Imana idufitiye. «Imana ni urukundo, ugumye mu rukundo aguma mu Mana na yo Imana ikamugumamwo».
«Nk’uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze. Nimugume mu rukundo rwanje … Ng’iryo ibwirizwa ryanje ni uko mwokundana nk’uko nabakunze. Nta muntu n’umwe afise urukundo rusumba uru: guha ubuzima abagenzi be».
Dufatiye ku vyo dusanga mur’iyo ngabirano, umuntu yoshobora gutegera neza gusumba, amajambo amw’amwe Mama Ignazia yama asubiramwo kenshi kandi tukayasanga no mu vyo yanditse.
Akarorero ni nk’aya:
Eshe Urukundo Rweranda rwokayangana mu mitima yacu no mu bihe vy’indwano tukavuga duti: «Yezu, gumana na nje: Yezu ndagukunda…».
Ni canke nk’aya: «Ni ibisanzwe ko rimwe rimwe ndabayagira nkoresheje amajambo yo mu Mushaha Mweranda wa Yezu Mwiza».
Canke kandi: «Umushaha wa Yezu ni munini, uragutse, aba-Ursuline bose barawufisemwo ikibanza kandi bazokwama bagifise iminsi yose… kandi dufatanijwe n’umugozi w’urukundo rw’ukuri tugize umutima umwe n’umushaha umwe”.