MAMA MARIA IGNAZIA ISACCHI – Yatanguje umuryango wa babikira baba Orsoline b’Umushaha Mweranda wa Yezu
Caterina Ancilla Isacchi yavukiye i Stezzano muri Bergamo itariki 8 z’ukwezi kwa gatanu 1857. Inyuma y’urupfu rwa se wiwe, yarakurikiye musazawe yari yagiye kuba Patiri mukuru muri Vercurago. Yize mw’ishuri ry’ababikira baba Orsoline Gerolomitane aronka urupapuro rw’umutsindo rwo kwigisha mu mashure y’intango.
Amaze imyaka 22 niho yaba umubikira wo mumuryango w’aba Gerolomitane. Kubera ingabirano y’ubwenge yarafise, yabaye umuhanuzi wa mbere w’inama nkuru y’umuryango, aba umurezi w’abanovisi n’umuyobozi w’ishure ry’abanyagihugu.
Inyuma y’imyaka 14 y’ubwihevyi niho yiyumvisemwo ko Imana ishaka ko atanguza umuryango mushasha kugira ngo Imuciyeko abantu bose bamenye itunga ry’ibinyegezwa vy’umuco, vy’ikigongwe, vy’ubweranda n’ubuzima bwuzuye mu Mushaha wa Yezu.
Mu 1893 amaze kuronka uruhusha rw’ugusohoka muri uwo muryango w’aba Gerolomitane hamwe n’abandi bavukanyi batandatu baciye bagenda i Gazzuolo gutanguza umuryango mushasha w’ababikira baba Orsoline b’Umushaha Mweranda wa Yezu.
Inyuma y’amezi abiri, umuryango waciye wakirwa muri Diyoseze ya Cremona, mu mwaka ukurikira amategeko y’umuryango aca aremerwa.
Mama Ignazia yagumye ariwe arongoye umuryango kuva mu 1893 gushika 1924, aho bamuha izina “mama Wubahwa (honorem)”. Yapfiriye i Seriate muri Bergamo itariki 19 z’ukwezi kw’icumi 1934.
Mubuzima bwiwe yama yirukira Isakramentu ry’Ukaristiya. Kenshi bama bamusanga mu gasengero mw’ijoro ariko arasengera imbere ya tabernakulo. Ibisigarira vy’umubiri wiwe babikuye mw’itongo ry’abapfuye ry’i Seriate babizana mu gasengero k’inzu mvyeyi y’umuryango iri i Asola itariki 13/10/1985.
MAMA MARIA MARGHERITA LUSSANA – Icegera c’uwatanguje umuryango wa ba Orsoline b’Umushaha Mweranda wa Yezu
Anna Caterina Lussana yavukiye i Seriate muri Bergamo kw’igenekerezo rya 14 munyonyo 1852. Amaze kuronka urupapuro rw’umutsindo rwo kwigisha mu mashuri y’intango yaciye yigisha imyaka 22 mu gisagara yavukiyemwo.
Kuva akiri muto yarumvise ijwi ry’Imana rimuhamaga ryo kwihebera Imana, mu 1890 umuvyeyi wiwe yahora agwaje amaze kwitaba umuremyi, Anna Caterina yaramaze imyaka 38 niho yashoboye kurangura icifuzo ciwe c’ukwihebera Imana aca yinjira mu babikira baba Gerolomitane b’i Somasca, ari naho yaronkeye izina rya mama Margherita.
Kubera indero rukristu ikomeye yari yararonse akongera akimenyereza igihe kire kire mu gikorwa c’uburezi, yaciye atangura kwigisha mw’ishuri ry’abanyagihugu akiri umunovisi. Kuri iryo shure yaciye ahamenyera mama Ignazia Isacchi, baca basangira iciyumviro c’ukugurura irerero ry’urwaruka n’ishuri y’ugufasha abakozi n’ukumenyesha bose itunga ridahera ry’Umushaha wa Yezu; baca biga ku musi wa gatandatu no ku w’Imana kuko iyindi misi baba bari gukora. Ivyo vyose vyashoboye kuranguka mukw’icenda kwo muri 1893. Amaze kuronka uruhusha rwo kuva mur’uyo muryango yaciye agenda i Gazzuolo hamwe na mama Ignazia n’abandi babikira batanu bahevye uyo muryango barimwo. Baciye bamutora kuba icegera c’umukuru w’umuryango mushasha n’umuyobozi w’amashure y’abikorera utwabo n’aya komine yaratanguye kuza arugururwa. Mu 1924 niwe yasubiriye mama Ignazia mu kuba umukuru w’umuryango.
Yapfiriye i Seriate itariki 27 ruhuhuma 1935, inyuma y’amezi atandatu uwatanguje umuryango apfuye. Bagize umutima umwe mu gukunda Umushaha Mweranda wa Yezu.
Ibisigarira vy’umubiri wiwe babikuye mw’itongo ry’abapfuye ry’i Seriate babitwara kubishingura mu gasengero kari mu nzu mvyeyi y’i Asola itariki 13/10/1985.